Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:47
25 Referans Kwoze  

Nukw amashengero akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose.


Kukw ijambo ry’umusaraba ku bahona ar’ ubupfu, ariko kuri twebge abakizwa n’ubushobozi bg’Imana.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.


Ūkorera Kristo artyo, ahimbara Imana, kandi n’abantu baramwemera.


Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


Kandi Yesaya asemerera ivy’ Abisirayeli, at’ Igitigiri c’Abisirayeli n’iyo coba nk’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira:


abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza.


Kandi Yesu agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


Kand’ intumwa zāshingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bginshi, kand’ ubuntu bg’Imana bginshi buba kuri bo bose.


babura uko bamugira; kukw abantu bose bāri bamumaseko, bamwumva.


Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.


Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.


Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami.


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Bamaze kuvuga ubutumwa bgiza mur’ ico gisagara no guhindura benshi abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo no muri Antiyokiya,


Nuko benshi muri bo barizera, n’abagore b’icubahiro b’Abagirikikazi n’abagabo batari bake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite