Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:46
25 Referans Kwoze  

Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


Ku wa mbere w’imisi ndwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paulo ayāga na bo, agira ngo buce agenda, atevya mu majambo ashitsa mu gicugu.


Uhoraho, ndangira inzira yawe; nanje nzogendera mu kuri kwawe; Egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.


Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’ iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubupfunya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru.


cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


bama mu rusengero ubudasība bashima Imana.


Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.


muheze munezererwe imbere yiwe, Uhoraho Imana yanyu, ha hantu nyene azoba yātoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, munezeranwe n’ abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba i wanyu, n’inyambukīra n’ impfuvyi n’abapfakazi baba muri mwebge.


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


Bavyumvise, binjira mu rusengero hāri nko mu mutwenzi, barigisha. Maz’ umuherezi mukuru azanana n’abāri kumwe na we, bahamagaza abanyekombe, n’abakuru bose b’Abisirayeli, maze batuma mu nzu y’abanyororo kubazana.


Petero na Yohana bāriko baradūga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha cenda.


Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.


Itara ry’umubiri n’ijisho. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco.


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri, nk’uko mwumvira Kristo, mububashe muhinda agashitsi, mutagira ubupfunya mu mitima yanyu.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


Igikombe c’umuhezagiro, ico duhezagira, mbega si kwo gusangira amaraso ya Kristo? Umutsima tumanyagura, si kwo gusangira umubiri wa Kristo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite