Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 amatongo yabo n’ibintu vyabo bārabigura, bakabibagabanganya bose, nk’uk’ umuntu wese akennye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bivanye n’ubukene bw’umwe umwe wese.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:45
20 Referans Kwoze  

Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute?


Nta mukene yari muri bo, kukw abāri bafise amashamvu bose cank’ amazu bābigura, bakazana ibiguzi vy’ivyo baguze,


Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.


Nk’uko handitswe, ngo Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira.


Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.


Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira. Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu cubahiro.


Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.


Ivy’ ukugaburira abera sindinda kubibandikira.


bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw akennye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite