Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Umuntu wese aterwa n’ubgoba: kand’ utwumiza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:43
15 Referans Kwoze  

N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.


Abantu bose bo mu gihugu c’Abageraseni gikikije aho baramwinginga ngw ave i wabo, kuko bāri batewe n’ubgoba bginshi. Atambukira mu bgato, asubira inyuma.


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha;


Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye.


Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.


Kand’ intumwa zāshingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bginshi, kand’ ubuntu bg’Imana bginshi buba kuri bo bose.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Maze mu gihugu cose no mu gisagara cose, ah’ icagezwe c’umwami n’ivyo yashinze vyashika, Abayuda baranezerwa, bagahimbarwa, bagatumirana, bakagira umusi mukuru. Maz’ abantu benshi bo mu mahanga yo mur’ ico gihugu batora idini y’Abayuda, kukw Abayuda bāri babateye ubgoba.


Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite