Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:42
35 Referans Kwoze  

twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’ uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.


Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


Ku wa mbere w’imisi ndwi, dukoranira kumanyagura imitsima, Paulo ayāga na bo, agira ngo buce agenda, atevya mu majambo ashitsa mu gicugu.


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,


Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima;


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuk’ uzi abākwigishije:


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ariko tweho tuzoshishikara gusenga no kugabura ijambo ry’Imana.


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.


Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;


Ariko tweho ntitur’ abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’ abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


Ndabashima, kuko munyibuka muri vyose, mukagumya ivyo nabashikirije, nk’uko nabibahaye.


Asubira kwūrira, amanyagura umutsima, ararya, ayāga na bo igihe kirekire, ashitsa no mu macaca, maz’ aragenda.


Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.


Ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Iyabahamagaye kubg’ ubuntu bga Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubgo,


Nuko barekuwe basubira muri bagenzi babo, babīgānira ivyo abaherezi bakuru n’abakuru bababgiye vyose.


Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n’uko yamanyaguye umutsima.


Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.


Ariko none, bene Data, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, cank’ ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n’Imana, canke kwigisha?


kuko mwafatanije nanje gukwiza ubutumwa bgiza, muhereye ku musi wa mbere, mugashitsa n’ubu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite