Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:41
21 Referans Kwoze  

Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera,


Kand’ umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n’Imana, azorandurwa mu bantu.


Yosefu atumiza se Yakobo n’abo mu nzu yabo bose, ukw ari mirongwirindwi na batanu.


Kandi twese abāri mu bgato twar’ abantu amajana abiri na mirongwirindwi na batandatu.


Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.


ni zo z’abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibāzwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi.


Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’ ūpfuye: ikintu cose co mu kiyaga kiri n’ubugingo kirapfa.


Simoni Petero aja mu bgato, akwegera urusenga i musozi rwuzuye ifi nini‐nini ijana na mirongwitanu na zitatu: kandi naho zari zingaho zirtyo, urusenga ntirwacitse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite