Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:36
25 Referans Kwoze  

Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Maze zizomenya yuko jewe Uhoraho Imana yazo ndi kumwe na zo, kandi yukw ar’ abantu banje, ari bo ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Eh’ imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzoshitsa rya jambo ryiza navuze ku nzu ya Isirayeli no ku nzu ya Yuda.


Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda:


ni bo Banyegiputa n’Abayuda n’Abanyedomu n’umuryango w’Abamoni n’Abanyamowabu, bose abica amasoso, n’ababa mu bugaragwa; kukw amahanga yose ar’ intakebga, kand’ umuryango wose w’Abisirayeli n’intakebga mu mitima.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;


Nuko rero, barira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Ibi simbikora kubganyu, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ariko ni kubg’ izina ryanje ryera, iryo mwatukishije mu mahanga mwagiyemwo.


Ivyo simbikora kubganyu, mubimenye, ni k’Umwami Uhoraho agize; mutēterezwe, mumāramāzwe n’ ingeso zanyu, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli.


Kandi muze murobanure ishamvu y’igisagara, iz’ ibe amakika ingero mirongwitanu, uburebure bube ibihumbi mirongwibiri na bitanu, haze habangikane na wa mugabane wera w’ ishikanwa; haze habe ah’ inzu yose ya Isirayeli.


Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe.


ati Mbega ntitwabīhanije cane kutigisha muri rya zina? None rāba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n’ukudushirakw amaraso ya wa muntu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite