Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:33
32 Referans Kwoze  

Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.


Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.


ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.


arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


kugira ng’umugisha wa Aburahamu ushike ku banyamahanga, bawuheshejwe na Yesu Kristo, kugira ng’ukwizera kuturonkeshe Mpwemu twasezeraniwe.


Abizeye bo mu bākebge barūmirwa, abāzananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Arik’ uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana,


ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.


Ni co gituma nzomugabanganya umugabane n’ abahambaye, kand’ azogabura iminyago n’abanyenkomezi; kuko yasutse ubugingo bgiwe, akageza ku gupfa, agaharūranwa n’abanyabicumuro: yamar’ ubgiwe yishizekw icaha ca benshi, kand’ asabira abanyabicumuro.


Arikw imbabazi zanje no kuba umwizigirwa kwanje bizobana na we; Kand’ izina ryanje rizoshirisha hejuru ihembe ryiwe.


Ca gihe wabaririye abakunzi bawe nko mu nzozi, Uti Natabaye umunyenkomezi, Nashize hejuru uwatoranijwe mu bantu.


uwo yaducuncuburiyeko kubga Yesu Kristo Umukiza wacu,


Ni co gituma ivuga, iti Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago, Agabira abantu ingabire.


Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.


Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,


Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw ijuru.


Rāba, umushumba wanje azoja imbere, azokuzwa ashirwe hejuru, asumbe abandi.


Ukuboko kw’i buryo kw’ Uhoraho gushizwe hejuru, Ukuboko kw’i buryo kw’ Uhoraho gukora ivy’ ubuhizi.


Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry’ukuri, ni ryo butumwa bgiza bg’agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriwekw ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe,


Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y’abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu, kugira ng’ ubuntu bg’Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite