Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Wammenyesheje inzira z’ubugingo, Mu nyonga hawe uzohanyuzurisha akanyamuneza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Wamenyesheje inzira y’ubugingo, uzonyuzuza umunezero ndi imbere yawe.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:28
14 Referans Kwoze  

Uzondangira inzira y’ubugingo: Mu nyonga hawe ni ho har’ akanyamuneza kuzuye; Mu kuboko kwawe kw’i buryo hahora ibihimbaye ibihe bidashira.


Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbariza Agakiza kava mu nyonga hayo.


Uhoraho, nyereka inzira zawe, Nyigisha amarango yawe.


Umugize icitegererezo c’ihirwe ibihe vyose, Umunejereje akaneza mu nyonga zawe.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.


Abaja i we nta ho bagaruka ukundi, Kandi ntibashikīra inzira z’ ubugingo.


Ngendera mu mayira y’ubugororotsi, No hagati mu nzira z’imanza ziroranye:


Yagusavye ubugingo, urabumuha, Ni bgo kuramba ibihe bitazoshira.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore.


Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite