Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kuko Dawidi yavuze ivy’ uwo, ati Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, Kukw ar’ i buryo bganje, ngo sinnyiganyige.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Dawidi yaramuvuzeko ati: ‘Namye mbona Uhoraho imbere yanje. Kuko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:25
15 Referans Kwoze  

Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.


Ni yo gitandara canje yonyene n’agakiza kanje; N’igihome kirekire kinkīngira, sinzosegenyeshwa.


Kukw azohagarara i buryo bg’umukene, Ngw amukize abacirakw iteka ubugingo bgiwe.


Ni yo gitandara canje yonyene n’agakiza kanje, N’igihome kirekire kinkīngira: sinzosegenyeshwa cane.


Umwami Imana ihagaze i buryo bgawe; Izotobekeranya abami ku musi w’uburake bgayo.


Yamara rero namana nawe na ntaryo, Umfashe ukuboko kw’i buryo.


Nanje, aho nari nguwe neza, naravuze, Nti Sinzokwigera nsegenyeshwa.


Kuk’ umwami yizigira Uhoraho, Kubg’ imbabazi z’Ūsumba vyose ntazosegenyeshwa.


Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa, Kandi n’umubiri wanje uzoba nko mu gikāri, wizigiye ibizoba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite