Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Arikw Imana yaramuzuye, ibohōye ibise vy’urupfu, kuko bitāshobotse ko rumugumya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:24
45 Referans Kwoze  

Kand’ Imana yazuye Umwami, natwe nyene izotuzurisha ubushobozi bgayo.


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


kuko mwahambanywe na we mw ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubgo kwizera ubushobozi bg’Imana yamuzuye mu bapfuye.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bgayo ahantu ho mw ijuru,


Nta n’umwe abunyaka, kuko mburekura kubganje: mfise ububasha bgo kuburekura, mfise n’ububasha bgo gusubira kubgābīra. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.


Kuko tuzi yukw iyazuye Umwami Yesu, natwe izotuzurana na Yesu, kand’ izomudushīra, twe namwe.


Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.


None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


kandi ngo mwitege Umwana wayo kw ava mw ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza uburake bugira buze.


Kuko ni wāturisha akanwa yuko Yesu ar’ Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukūye mu bapfuye, uzokizwa.


ariko no kubgacu, bizoduharūrwako nka kwo, kuko twizeye Iyazuye Yesu Umwami wacu imukūye mu bāpfuye,


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Arikw Imana iramuzura mu bapfuye.


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Paulo, intumwa itātumwe n’abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n’Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye,


Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’ Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.


Natwe twoba tubonetse ko tur’ abashingira Imana intahe y’ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko yazuye Kristo, uwo itāzuye, namb’ abapfuye batazuka.


Arik’ uwo Imana yazuye nta ho yigeze abora.


ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.


Kuko bataribgamenye ivyanditswe yukw akwiye kuzozuka mu bapfuye.


Uhoraho, n’ukuri nd’ umusavyi wawe; Nd’ umusavyi wawe, umwana w’incoreke yawe. Wankūye mu ngoyi.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka?


Kukw icatumye Kristo apfa, akazuka, ar’ ukugira ngw abe Umwami w’abāpfuye kandi n’uw’ abariho.


Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.


Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga,


Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.


Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,


baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka),


Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,


Arikw ivyo si we avyituma ubgiwe, kandi si vyo yiyumvira mu mutima wiwe; arikw ikiri mu mutima wiwe n’uguhonnya, no kumara amahanga atari make.


Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebge mwishe mumumanitse ku giti.


agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;


Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite