Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Izuba rizocura umwiza, N’ukwezi guhinduke amaraso, Hataraza uwo musi mukuru rurangiranwa w’Uhoraho:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Izuba rizohinduka umwijima, ukwezi guhinduke amaraso, imbere y’ukuza kwa wa musi w’Uhoraho uhambaye kandi w’ubwiza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:20
25 Referans Kwoze  

Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


Maze kur’ uwo musi, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzorengesha izuba mu mashōka, nzane ubgirakabiri kw isi hakiri ku murango.


Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.


Kuk’ ubganyu muzi neza yuk’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro.


Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.


Kandi hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, kandi no mw isi hazoba imibabaro mu mahanga, bazotegekanishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda;


Ariko mur’ iyo misi, hanyuma y’ayo marushwa, izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo,


Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya!


Uwa kane asuka urwavya rwiwe mu zuba. Rihabga kubaburisha abantu umuriro.


Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso:


guha Satani ūmeze artyo, kugira ng’umubiri wiwe uranduke, ubugingo bgiwe buze burokoke ku musi w’Umwami Yesu.


Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.


Nararāvye, mbona isi, nsanga ar’ imisaka irik’ ubusa gusa; n’ijuru n’uko, ata n’umuco rigira.


Kuk’ uwo musi ari wo wo guhōra kw’ Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkōko ku vyo bāgiriye Siyoni.


Ni ho ukwezi kuzomāramāra, izuba ritētērwe; kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ari ku ngoma ku musozi Siyoni ari ho Yerusalemu, agire icubahiro imbere y’abashingantahe biwe.


Uwo bazobona wese bazomusogota, kand’ ūzofatwa mpiri wese bazomwicisha inkota.


Eh’ umusi w’Uhoraho uraje, ni ruburakigongwe uzananye ishavu n’uburake bg’inkazi; ng’uhindure igihugu imisaka, ugeseze abanyavyaha baho ngo bagishiremwo.


Kukw inyenyeri zo kw ijuru n’uburundo bgazo bitazokwaka, izuba rizocura umwiza rikirasa, n’ukwezi ntikuzobonesha umuco wakwo.


Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru, N’ibimenyetso hasi kw isi, Amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite