Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 N’abasavyi banje, abagabo n’abagore, muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje kandi bazovugishwa nanje.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:18
7 Referans Kwoze  

aho ntihaba Umugiriki cank’ Umuyuda, uwakebge cank’ ūtākebge, ūdebagura cank’ Umusikiti, umugurano cank’ uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kand’ ari muri bose.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Tugitevyey’ imisi myinshi, haza ūvugishwa n’Imana yitwa Agabo, yar’ amanutse avuye i Yudaya.


Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa,


ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.


Nzoshira utwumiza hejuru mw ijuru, N’ibimenyetso hasi kw isi, Amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite