Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 ‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:17
38 Referans Kwoze  

Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Abizeye bo mu bākebge barūmirwa, abāzananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Arikw ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bāgira bahabge; kuko Mpwemu ataribgatangwe, kuko Yesu ataribgashike mu bgiza bgiwe.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Nanje nzobaha umutima umwe, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yabo, mbahe umutima woroshe nk’inyama;


mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.


Kand’ Imana yabanje gushira mw ishengero bamwe kuba intumwa, maz’ aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’ aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ ishirah’ abāhawe ingabire zo gukiza indwara, n’abāhawe gufasha abandi, n’abāhawe kurōngōra, n’abāhawe kuvuga indimi nyinshi.


Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana.


Uwo yar’ afise abakobga bane b’inkumi, bāvugishwa n’Imana.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,


uwundi agahābga gukora ibitangaza, uwundi agahabga kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabga kurobanura impwemu, uwundi agahabga kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabga gusobanura indimi:


ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.


canke ngo nongere kubahisha mu nyonga hanje; kuko nzoba nasutse Mpwemu wanje ku nzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Igihe kizoza uhereye mu mboneko z’ukwezi ukageza mu mboneko z’ukundi, no guhēra kw isabato ukageza ku yindi, abantu bose bazohora baza gusenga imbere yanje, ni k’Uhoraho agize.


Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.


Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.


Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, Nk’imvura y’umuvuvu itosa isi.


nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo.


Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buzohishurwa, kand’ abafise umubiri bose bazobubonera rimwe, kukw akanwa k’Uhoraho ari ko kabivuze.


Yakobo ahamagaza abana biwe, arababarira, ati Ni mukoranire hamwe, ndabamenyeshe ibizobabako mu misi izoza.


Kand’ abaguhahaza nzobagaburira inyama zabo ubgabo, bazoborerwa ayabo maraso nk’ūborewe vino novu; kand’ abantu bose bazomenya ko jewe Uhoraho nd’ Umukiza wawe, n’Umucunguzi wawe, Inyenkomezi ya Yakobo.


izahabu n’ifeza vyanyu binyengeterewe n’ingese: ingese zavyo zizoba icabona co kubāgiriza, zizonyengetera imibiri yanyu nk’umuriro. Mwārundanije mu misi y’umuhero.


Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Imana yitegereza isi, ibona ko yononekaye, kukw abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo.


Wewe wumva ivyo usabga, Abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.


Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo.


arikw ivyo n’ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli,


Mbere n’abagurano banje b’abahungu n’abakobga mur’ iyo misi Nzobasukako Mpwemu wanje, bavugishwe nanje.


Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.


Mur’ iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite