Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko Petero ahagararana na bamwe cumi n’umwe, ababariza ijwi rirenga, ati Yemwe Bayuda n’ababa i Yerusalemu mwese, ibi ni mubimenye, kandi ni mwumvirize amajambo yanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari aho ati: “Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:14
18 Referans Kwoze  

Yemwe abazi ivy’ ukugororoka, ihanga rifise ivyagezwe vyanje mu mitima yanyu, ni munyumve: ntimugatinye ibitutsi vy’abantu, canke ngo murandurwe imitima n’ ugucokora kwabo.


Maz’ arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu:


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


Ni munyumve, yemwe abakurikirana ukugororoka, yemwe abarondera Uhoraho: mwitegereze igitandara mwasatuweko, n’inganzo mwimbgemwo.


Maze Mose n’abaherezi ari bo Balewi babarira Abisirayeli bose, bati Yemwe Bisirayeli, ni muhore, mwumve: uyu musi muhindutse ihanga ry’Uhoraho Imana yanyu.


baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.


Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Barabapfindira, ubupfindo bgerekana Matiya, nukw aharūranwa n’intumwa cumi n’imwe.


N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.


Ijwi ry’abashibamyi bawe! Bashize hejuru bavugiriza impundu hamwe; bazovyibonera imbonankubone aho Uhoraho azogaruka i Siyoni.


Bantu banje, ni munyumvirize; hanga ryanje, muntege ugutwi; kukw icagezwe kizova kuri jewe, kandi nzoshinga amateka yanje ngw abe umuco w’amahanga.


None rero, bana banje, ni munyumve: Kukw abitondera inzira zanje ar’ abahirwe.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Paulo ava hasi, arabamama, arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.


Yewe ubarira Siyoni ubutumwa bgiza, dūga umusozi muremure; yewe ubarira Yerusalemu ubutumwa bgiza, semerera cane ushimitse; semerera, ntutinye; ubgire ibisagara vy’i Buyuda, ut’ Eh’ Imana yanyu!


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite