13 Arikw abandi barabanegura, bati Baborewe igisāma.
13 Ariko bamwe barabacokora bavuga bati: “Aba bantu baborewe, banyoye igisama.”
Nukw ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’ abatungu cank’ abatizera, ntibovuga yuko mwasaze?
Aba ntibaborewe nk’uko mwiyumvira, kuk’ ubu ar’ isaha zitatu z’umusi,
Nuko Eli aramubaza, at’ Uzogeza hehe kwama uborewe? Genda uhebe iyo vino yawe!
Kand’ Abefurayimu bazomera nk’umuhizi, imitima yabo igire akaneza nk’agatewe na vino; mber’ abana babo bazobirāba bagire akaneza, imitima yabo izonezererwa Uhoraho.
Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi; bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro.
Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.
N’akanwa kawe kamere nka vino irushirije kuba nziza, Ishōka neza ica mu minwa y’abasinziriye.
Inda yanje imeze nka vino itagira isaganirizo, Nk’imikuza y’insāto misha igira ngw iturike.
Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.
Ewe ineza yiwe ukuntu ari nyinshi, n’ubgiza bgiwe ukuntu ari bginshi! Ingano zizotera abasore itōto, n’umutobe wa vino utotahaze abigeme.