Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 (bagizwe n’Abayuda n’abinjiye mw’idini ry’Abayuda), Abanyakirete, n’Abarabu. Kandi twese turabumva bavuga ibitangaza vy’Imana mu ndimi z’iwacu.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:11
36 Referans Kwoze  

uwundi agahābga gukora ibitangaza, uwundi agahabga kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabga kurobanura impwemu, uwundi agahabga kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabga gusobanura indimi:


Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?


Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.


Umwe muri bo w’umumenyi wabo yaravuze, ati Na ntaryo Abanyakirete n’ababeshi, n’ibikōko bibi, n’abanebge b’abakunzi b’inda.


n’ abami bose b’i Arabiya, n’abami bose b’amahanga y’ikivange baba mu bugaragwa,


Kugira ngo numvikanishe ijwi ry’ishimwe, Mvuge ibikorwa bitangaje vyose wakoze.


Ni yo ikora ibihambaye bidaserangurika, Mbere n’ibitangaza bitoharūrika.


Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ ukugira ng’ utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’ uhashinge abakuru b’ishengero, nk’uko nabikubariye:


Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.


Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.


Unamurira amaso ku mpinga mu ruharabuga, witegereze: mbeg’ aho batāryamanye nawe ni hehe? Wabategeye ku mayira, nk’uk’ Umwarabo ategera mu bugaragwa; wononesheje igihugu ubusambanyi bgawe n’ivyaha vyawe.


Ivyo na vyo biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo, umujanama w’igitangaza, w’ubgenge bg’agahebuza.


Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje; nzogushira hejuru, ntazire izina ryawe; kuko wakoze ibitangaza, ivyo wagabiye uhereye kera, ur’ uwo kwizigirwa n’uw’ ukuri.


Ntihazokwigera hasubira kweyerwa ngo hubakwe, kand’ uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana, nta wuzosubira kuhaba. Umwarabo ntazohashinga ihema, kandi n’abungere ntibazohavyagiza imikuku yabo.


Ni mushime īkora ibitangaza bikomeye yonyene, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Yatumye ibikorwa vyiwe bitangaje vyibukwa, Uhoraho n’umunyabuntu, yuzuye imbabazi.


Abo ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!


Abo ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!


Abo ni bashimire Uhoraho ukugira neza kwiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoreye abana b’abantu!


Mwamamaze mu mahanga ubgiza bgiwe, N’ibikorwa bitangaje yakoze muvyamamaze mu moko yose.


Ijuru rizoshima ibitangaza vyawe Uhoraho; Rizoshimira mw ikoraniro ry’ abera k’ur’ uwo kwizigirwa.


Ntituzobihisha abuzukuruza babo, Tuzobgira ab’ igihe kizoza ishimwe ry’Uhoraho, N’inkomezi ziwe n’ibikorwa bitangaje yakoze.


Nzovuga ibikorwa vy’Uhoraho, Kuko nzokwibuka ibitangaza vyawe vya kera.


Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje, Kugeza n’ubu ndacavuga ibikorwa vyawe bitangaje.


Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.


Nukw Imana iramufasha, arwanya n’abo Bafilisitiya bo n’Abarabo bāba i Guribayali, bo n’ab’i Mayoni.


Mbere bamwe bo mu Bafilisitiya bamuzanira ingorore, n’amafeza kw amarari; n’Abarabo na bo bamuzanira imikuku y’ingorore, amapfizi y’intama ibihumbi ndwi n’amajana ndwi, n’amapfizi y’ impene ibihumbi ndwi n’amajana ndwi nyene.


udashizemw’ ayakwa abahanjuzi kw ibibuguro n’ayakwa mu nyungu z’abadandaza, n’ayakwa abami bose bo muri Arabiya n’abaganza igihugu.


Nuko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuk’ usangiye ubuja n’abana bawo.


kandi sinadūze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko.


Imbūri yo kuri Arabiya. Yewe wa gugu ry’Abadedani, mw ishamba ryo muri Arabiya ni ho muzorāra.


Kand’ Imana yabanje gushira mw ishengero bamwe kuba intumwa, maz’ aba kabiri ibashiraho kuba abavugishwa na yo, maz’ aba gatatu, ibashiraho kuba abigisha, maz’ ishirah’ abakora ibitangaza, maz’ ishirah’ abāhawe ingabire zo gukiza indwara, n’abāhawe gufasha abandi, n’abāhawe kurōngōra, n’abāhawe kuvuga indimi nyinshi.


n’i Furugiya, n’i Pamfiliya, no muri Egiputa, no mu bihugu vy’i Libuwa bihereranye n’i Kureni, n’ab’ i Roma bāgerereye ino, Abayuda, bo n’abātoye idini yabo,


Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki?


Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite