Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 2:1
23 Referans Kwoze  

kugira ngo muhimbaze n’umutima umwe n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.


mwuzuze umunezero wanje muhwanije imitima, musangiye urukundo rumwe, muhūje umutima n’inama.


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


Ariko nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote:


Kukw ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe Uhoraho, bankorere bahuje inama.


Kand’ abizeye b’akavuvu bari bahūje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakīmbūkira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose bārabisangira.


Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka.


Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Na bo bavyumvise bavuga n’ijwi rirenga, babgira Imana n’umutima uhūye, bati Databuja, ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


Nzobaha umutima umwe no kujana inzira imwe, kugira ngo bahore banyubaha gushitsa ibihe vyose; ngo bahave baroranirwe, bo n’ abana babo bazoba babasubiriye mu gishingo.


Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.


Ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi bikorwa mu bantu n’amaboko y’intumwa: kandi bose bākoranira mw ibaraza rya Salomo n’umutima uhūye:


Kandi n’i Buyuda ukuboko kw’ Imana kubaha guhūza umutima, bumvira ico cagezwe c’umwami n’ abaganwa kivuye kw ijambo ry’ Uhoraho.


Ewe kuntu ari vyiza kand’ ar’ ivy’ igikundiro Kw abavukana babana nyakubana!


Nukw abāvuza inzumbete n’ abaririmvyi bahūza amajwi, bakumvikanisha ijwi rihūye batāzīra Uhoraho bamukengurukira, bakavuza ijwi rirengēra izo nzumbete na matowazi n’ibintu bicurarangwa, bagatāzīra Uhoraho, bat’ Uhoraho ni mwiza, kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira; nukw ako kanya igicu c’ igipfungu gica cuzura mu ngoro y’Uhoraho,


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite