Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ariko bamumenye kw ar’ Umuyuda, bose basemererera icarimwe, bamara nk’amasaha abiri, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Babonye ko ari Umuyuda, baca badugiriza urwamo rimwe bamara nk’amasaha abiri bavuga bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:34
10 Referans Kwoze  

Bavyumvise barasugurirwa, barasemerera, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye.


Batazira ico gisato bagisenga, kuko cahaye ico gikōko ububasha bgaco; batazira na kino gikōko bagisenga, bati Ni nde ahwanye n’iki gikōko, kandi ni nde ashobora kukirwanya?


babashīra abacamanza, bat’ Aba bantu bahagarika imitima y’abo mu gisagara cacu, kand’ ar’ Abayuda;


Kandi ni mwasenga, ntimukabomboranye amanwa nk’ukw abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubg’ amajambo yabo menshi.


Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana? Wewe wanka ibishushanyo vy’ibigirwamana, weho ntiwiba ivyo mu nsengero zavyo?


Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana.


Nuko bābīra imasa bahawe, barayibāga, maze batakambira izina rya Bayali, uhereye mu gitondo ugashitsa mu mashōka, bavuga, bat’ Ewe Bayali, n’utwumvire! Ariko ntihagira ijwi ryumvikana cank’ ikibishura na mba. Basimbagurika bicumbagiza hirya no hino y’igicaniro bubatse.


Hār’ umuntu yitwa Demetiriyo, umucuzi w’ifeza, yacura utunyabugoro twa Arutemi mw ifeza, akaronkesha abacuzi biwe inyungu nyinshi.


Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.


Umwanditsi (ari we mukuru w’igisagara) amaze guhoza ishengero, arababarira, ati Bagabo b’Abanyefeso, mbega harih’ umuntu atazi yukw igisagara c’Abanyefeso ari co kizigama ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi, ari co gishushanyo cākorotse kiva mw ijuru?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite