Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Maze basokorora Alekisandero mu bantu, Abayuda bamwīgiza imbere. Maze Alekisandero arabamama, agira yiregure ku bantu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Bamwe mw’ikoraniro bumvisha Alegizandere, uwo Abayuda bashize imbere, ivyariko biraba. Nuko na we arabamama kugira ngo asigure ibiriko biraba.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:33
11 Referans Kwoze  

Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.


Alekisandero umucuzi yangiriye inabi nyinshi. Umwami wacu azomwishura ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Mur’ abo, umwe ni Humenayo na Alekisandero, abo nahaye Satani, kugira ngo bibigishe kutarogota.


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Icēgēra ca Kayisari kimaze kumukebura ngw avuge, Paulo aramwishura, ati Ndazi k’umaze imyaka myinshi ur’ umucamanza w’ubu bgoko, ni co gitumye niregura ivyanje ndemye;


Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,


Paulo ava hasi, arabamama, arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.


Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi.


Ariko bamumenye kw ar’ Umuyuda, bose basemererera icarimwe, bamara nk’amasaha abiri, bati Arutemi y’Abanyefeso irahambaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite