Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:29
19 Referans Kwoze  

Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.


na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


Kuko niyumvira yuko twebge intumwa, Imana yatwerekanye nk’abari hasi inyuma ya bose, nk’abagerewe kwicwa, kuko twacitse akābarore mw isi, mu bamarayika no mu bantu.


Nshimira Imana yukw ata n’umwe nabatije muri mwebge, atari Kirisipo na Gayo;


Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa. [


Igisagara cose kiravurungana, abantu barashwabaduka: basūmira Paulo, baramukwega bamukūra mu rusengero; ako kanya bugara inzugi.


Atuma abāgenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito, ngo baje i Makedoniya; ariko we, atebera muri Asiya imisi.


Kandi si co gusa, ariko na kare uwo ni we yatoranijwe n’amashengero kwama ajana natwe kubg’ ico gikorwa c’ubuntu, ubgo tugabura ng’ Umwami wacu ashimishwe, kandi ngo twerekane umutima wacu k’ubikunze.


Si wewe wa Munyegiputa yateye umugararizo mu gihe gishize, akajana mu bugaragwa abantu b’abicanyi ibihumbi bine?


Ubganyu murazi kw aya maboko yanje yankenurana ivyo nkennye n’abo turi kumwe.


Nuko barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo, kukw iryo shengero ryavurunganye, abenshi batāri bazi icatumye bakorana.


Bahagarika imitima y’ishengero rihakoraniye n’iy’ abaganza igisagara, bumvise ivyo,


Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.


Maze bashitse i Salamini, bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda: kandi bāri bafise Yohana agenda arabakorera.


tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.


Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite