Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Nko mur’ ico gihe havyuka imivurungano itari mike kubg’ Inzira ya Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Muri iyo misi nyene haduka imigumuko ivuye ku bijanye n’Inzira y’Umwami Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:23
10 Referans Kwoze  

Ariko Feliki, kuko yar’ azi neza ivy’ Iyo Nzira ivy’ ari vyo, arabibīka, ati Lusiya umukuru w’abagabisha b’abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw’amajambo yanyu.


Ariko bamwe bikomantaje imitima, b’intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y’abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye ahārīrira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano.


amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.


twiyumvirwa nk’abatamenyekana, ariko turi ba rurangiranwa; tuboneka nk’abagira bapfe, ariko rāba, turi bazima; tuboneka nk’abahanwa, ariko ntitwicwa;


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Kandi nahama abakurikira Inzira ya Yesu gushitsa bapfuye, nkababoha nkabashira mu mabohero abagabo n’abagore.


Atangura kuvugira mw isinagogi ashize amanga. Maze Purisikila na Akwila bamwumvise, bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana.


mu bimoko, mu mabohero, mu migūmūko, mu butame, mu kurāra maso, mu kwirirwa ubusa,


nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite