Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:21
31 Referans Kwoze  

None rāba, ngiye i Yerusalemu mboshwe mu mutima, ntazi ibizombako nshitseyo;


Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.


Kandi bene Data, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, ngo mbone imbuto muri mwebge namwe, nk’uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n’ubu.


Arikw asezerana na bo, ati Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba. Avuduka muri Efeso ari mu bgato.


bituma muba icitegererezo c’abizera bose bar’ i Makedoniya no muri Akaya.


Maze hahise imyaka cumi n’ine, nongera kudūgana na Barunaba, kandi na Tito ndamujana.


Ariko nzoza i wanyu, ni namara guca i Makedoniya; kuko nzorinda gucayo.


ni co gituma jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza namwe mur’ i Roma.


Tumaze gushika Roma, umugabisha w’abasoda ijana ashikiriza imbohe umugabisha w’abasoda bahora bashibama kwa Kayisari: ariko bakundira Paulo kuba ukwiwe, ari kumwe n’umusoda amurinda.


arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose.


Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


Dushitse i Yerusalemu bene Data batwākīrana umunezero.


Tuhasanze abigishwa, dusībiray’ imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.


Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Ni nde yovuga ikintu, kikaboneka, kand’ Umwami Imana atari we yabigeze?


tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.


Atuma abāgenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito, ngo baje i Makedoniya; ariko we, atebera muri Asiya imisi.


Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


Kuko nifuza kubabona, kugira ngo mbahe ingabire y’impwemu, ibaremeshe;


Ariko nzoza vuba, Umwami wacu ni yabigomba; kandi s’amajambo y’abīkakīsha nzomenya, ariko n’ubushobozi bgabo.


tuvuge ubutumwa bgiza mu bihugu biri hirya yanyu, kugira ngo twoye kwirata ivyo dusanze bīteguye, ahāgerewe uwundi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite