Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Benshi no mu bakora ivy’ ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose: baharūra igiciro cavyo, basanga gishitse ku ntete z’ifeza ibihumbi mirongwitanu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Abahora bakora ivy’amareba, bazana ibitabu vyabo babituririra ku mugaragaro. Igiciro c’ivyo bitabu, yari ibiceri vy’ifeza ibihumbi mirongo itanu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:19
23 Referans Kwoze  

Ariko Eluma, uwo munyamarēba (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahāririza, ashaka guhuvya ico cēgēra ngo nticizere.


Maze yābīra iyo masa bakoze, arayiturira, arayisya, ayigira ifu, ayimēmēra ku mazi, ayanywesha Abisirayeli.


Baha Yakobo ibigirwamana vy’abanyamahanga vyose bari bafise, n’impeta zari ku matwi yabo; Yakobo abizīka musi y’ igiti citwa umweloni cari hafi y’i Shekemu.


Bararamiriza baca mur’ ico kizinga cose, bashika i Pafo, basangay’ umugabo w’umunyamarēba, umuraguzi w’ibinyoma, yar’ Umuyuda, izina ryiwe ni Bari‐Yesu;


Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.


Kandi muzotitura ifeza yometse ku bishushanyo vyanyu vy’ibibāzano, n’izahabu yometse ku bishushanyo vyanyu vyavugutiwe mu nkero; muzobishibura rwose nk’ikintu gihumanye, mubibarire, muti Vaho, mugende!


Kuko mwababaranye n’ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho.


Ni ko biri, umuntu wese muri mwebge adaheba ivy’ afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Kandi ni bababgira, ngo Ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbeg’ ikibereye abantu ntibāri bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ ivy’ abariho vyobazwa abapfuye?


Atanga abana biwe kw ibimazi ngo boswe mu muriro mu mwonga wa mwene Hinomu, agapfumuza, agatera amabara, agakoresha uburozi, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


Uko ni ko Sauli yatanze, azize ibicumuro vyiwe yacumuye k’ Uhoraho, kukw atitondeye ijambo ryiwe, kandi kuko yaraguje umuntu azi guhamagara imizimu, ngw amusigurize,


N’abanyamarēba bo muri Egiputa na bo babigira bartyo babikoresheje amarēba yabo: umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Cank’ umugore yogira amahera cumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza ah’ aribonera?


Kandi benshi mu bari barizeye baraza, bātura ivyo bākoze, barabiserura.


Aheze aturire uwo mwambaro, iyo ndwara namba yoba ifashe kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi z’ubgoya bg’intama canke mu zera derere, canke namba yoba ifashe ku kintu cose cakozwe mu rusāto, kukw ar’ imibembe igenda irarya; ico kintu kize giturirwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite