Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Abayuda n’Abagiriki baba muri Efeso bamenye iyo nkuru, bose batekerwa n’ubwoba, maze Izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:17
22 Referans Kwoze  

kugira ngw izina ry’Umwami wacu Yesu rishimagizwe muri mwebge, namwe mushimagizwe muri we, nk’uk’ ubuntu bg’Imana yacu n’ubg’ Umwami Yesu Kristo buri.


Ibisigaye bene Data mudusengere, ijambo ry’Umwami wacu ryamamare rishimagizwe, nk’uko biri no muri mwebge,


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


Ico cēgēra kibonye ibibaye kirizera, gitangajwe n’ivyo cigishijwe vy’Umwami Yesu.


Ishengero ryose n’abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.


Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.


Bashitse muri Efeso, abasiga ngaho; ariko we aragenda yinjira mw isinagogi, ahārīra n’Abayuda.


ariko mu bandi nta muntu yatinyuka kwifatanya na bo, yamar’ abantu bose bārabashimagiza,


Umuntu wese aterwa n’ubgoba: kand’ utwumiza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa.


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Ababanyi babo bose baterwa n’ubgoba: ayo majambo yose akwira mu mugamba wose w’i Yudaya.


Kand’ abantu bose bazotinya; Bamenyekanishe igikorwa c’ Imana, Biyumvirishe ubgenge ivyo yakoze.


Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Uhoraho; aravuga, ati Mbeg’ isandugu y’Uhoraho vyoshoboka bite kw iza i wanje?


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Arikw asezerana na bo, ati Nzogaruka ikindi gihe, Imana ni yabigomba. Avuduka muri Efeso ari mu bgato.


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Umuntu arimw’ impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, arababirika, bahunga mur’ iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse.


Kandi benshi mu bari barizeye baraza, bātura ivyo bākoze, barabiserura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite