Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Umuntu arimw’ impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, arababirika, bahunga mur’ iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Wa muntu yarimwo impwemu mbi aca abasimbirako, abarusha inkomezi, arabakubita gushika aho bahunga inzu barimwo bari gusa, bavirirana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:16
8 Referans Kwoze  

Kuko yar’ abariye iyo mpwemu ihumanye kuva mur’ uwo muntu. Yahora imutera kenshi, kandi bāmubohesha iminyororo ku maboko no ku maguru, bakamurinda, agacagagura ibimuboshe, dayimoni akamukubebera mu bugaragwa.


Bashika aho Yesu ari, basanga uwari yinjiwemwo n’abadayimoni yicaye, yambaye, ubgenge bgāgarutse, umwe nyene yari yinjiwemwo na ca gitero; baratinya.


Na bo bavayo, baza kurāba ivyābaye, bashika aho Yesu ari, basanga wa muntu yavuwemwo n’abadayimoni, yicaye i ruhande y’ibirenge vya Yesu, yambaye, ubgenge bgāgarutse; baratinya.


arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana:


Impwemu ihumanye irabishura, iti Yesu ndamuzi, na Paulo ndamuzi, ariko mweho muri ba nde?


Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.


Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite