Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Arikw inyererezi zimwe zo mu Bayuda zāsenda impwemu zihumanye zīgerera kuvugira izina ry’Umwami Yesu hejuru y’abatewe n’impwemu zihumanye, ziti Tubarahiye Yesu, uwo Paulo avuga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Maze Abayuda bamwe bigenera kugenda hirya no hino, bagerageza kwirukana impwemu mbi ngo zive mu bantu bakoresheje izina ry’Umwami Yesu. Bavuga bati: “Mw’izina rya Yesu, umwe Pawulo yigisha, ndagutegetse muvemwo!”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:13
15 Referans Kwoze  

Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.


Yohana aramubgira, ati Mwigisha, twabonye umuntu asenda abadayimoni mw izina ryawe, turamubuza, kukw atadukurikira.


Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.


Yohana aramwishura, ati Mwigisha, twabonye umuntu asenda abadayimoni mw izina ryawe, turamubuza, kukw atadukurikira.


asemerera n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakurahiye Imana, ntumbabaze agashinyaguro.


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Umwami aramubarira, at’ Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugira ngo ntugire ico umbarira kitar’ ic’ ukuri mw izina ry’ Uhoraho?


Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.


Ico gihe Yosuwa aca amahani abantu, aravuga, ati Ni hagira umuntu ahaguruka, akazokwubaka iki gisagara c’i Yeriko, aravumwe imbere y’Uhoraho. Igihe azokwubaka itanguriro ryaho azobura umwana wiwe w’imfura, kand’ igihe azotera ibikingi vy’amarembo yaho azobura umwana wiwe w’ umuhererezi.


Rāba, uyu musi unyirukanye kw isi, nshiburiwe kure yo mu nyonga hawe; nzogenda ndāraguza, nd’ inyererezi mw isi, kand’ ūzombona wese azonyica.


Kuva ubu ni warima isi ntizogira ico ikumerera; uzogenda urāraguza, ur’ inyererezi mw isi.


Abana biwe babe inyererezi, basēgerereze; Banuranure utwo kurya kure y’umusaka w’i wabo.


Kandi hārih’ abahungu ndwi b’Umuyuda yitwa Sikewa, umwe mu baherezi bakuru, bāgenza bartyo.


Kukw iyo hagize ūza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutābabariye, cank’ iyo mwākiriye iyindi mpwemu mutākiriye, cank’ ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite