Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 19:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 19:1
16 Referans Kwoze  

Arikw ivya Apolo mwene Data, naramwinginze cane ngw aze i wanyu, az’ azanane na bene Data abo; ntiyakunda na gatoya kuza none, arikw azoza, ni yabona uburyo.


Ico mvuze n’iki, yuk’ umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo.


Hanyuma y’ivyo Paulo ava muri Atenayi, aja i Korinto.


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Ivyo bimenyekana mu Bayuda no mu Bagiriki bose baba muri Efeso, bose baterwa n’ubgoba, izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.


Murabona kandi murumva yukw atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, at’ Imana zākozwe n’intoke si zo mana.


Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Na bo bashitse ah’ ari, arababgira, at’ Ubganyu murazi ingene nabana namwe na ntaryo, uhereye umusi natanguriye gushika muri Asiya,


Kuko bāri babonye Tirofimo w’Umunyefeso ari kumwe na we mu gisagara, bagira ngo Paulo yamujanye mu rusengero.


Ariko, bene Data, ivyo mvyigereranijeko, jewe na Apolo, kubganyu, nk’igishushanyo: kugira ngw ivyo mvuze kuri twebge bibigishe kutarenga ivyanditswe; ntihagire umuntu yikakisha arwana ishaka ry’umwe akagaya uwundi.


Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


Ariko nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote:


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite