Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maz’ Umwami Yesu abarira Paulo mw ijoro nko mu nzozi, ati Ntutinye, arik’ uvuge, woye gucereza,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Umusi umwe hari mw’ijoro, Umwami Imana abarira Pawulo mu ndoto ati: “Ntutinye! Bandanya uvuga, ntucereze,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:9
17 Referans Kwoze  

Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.


Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.


ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.


None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


ndamubona ambgira, ati Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’ unshingira intahe.


I Damasiko hār’ umwigishwa yitwa Ananiya: Umwami Yesu aramwiyereka, aramuhamagara, ati Ananiya. Na we ati Sabge, Mwami.


kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngw akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi mur’ iki gisagara.


Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami?


Umusi nagutakambira waranyegereye; uravuga, uti Nta co utinya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite