Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:8
25 Referans Kwoze  

azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose.


Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.


Abagiriki bose basūmira Sositene, umukuru w’isinagogi, bamukubitira imbere y’intebe y’imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.


Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


Akivuga, haza abavuye kwa wa mukuru w’isinagogi, bati Wa mwana wawe aracīkānye, uracagorera iki Umwigisha?


Haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro, amubonye amwitembagaza imbere y’ibirenge,


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Kukw ari we nahisemwo kugira ngw aze yihanikirize abana biwe n’ab’ inzu yiwe bazokwaruka hanyuma, ngo bakomeze inzira yanje, bakore ibiroranye n’ibigororotse; kugira ngo jewe Uhoraho nshitse kuri Aburahamu ivyo namuvuzeko.


N’abanyarugo biwe bose, ar’ abavukiyeho, ar’ abo yaguze n’abanyamahanga amahera, bakebanwa na we.


Hanyuma y’ivyo Paulo ava muri Atenayi, aja i Korinto.


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose:


Arikw Imana ni yo ntanzekw icabona ku bugingo bganje, icatumye ntongera kuza i Korinto, kwar’ ukwanka kubababaza.


Akanwa kacu karabasēsekariye, yemwe Bakorinto, umutima wacu urāgutse;


Erasito yagumye i Korinto, ariko Tirofimo namusize i Mileto arwaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite