Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Avaho, yinjira mu nzu y’umuntu yitwa Tito Yusito, yubaha Imana, inzu yiwe yar’ ihereranye n’isinagogi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko aca ava mw’isinagogi aja ku nzu yari i ruhande, kwa Titiyo Yusito, umuntu yubaha Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:7
9 Referans Kwoze  

Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.


Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha: abo bonyene bo mu bākebge ni bo bakorana nanje kubg’ ubgami bg’Imana, kandi bāmmaze umubabaro.


Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.


Bariko barasohoka, barabinginga ngw ayo majambo az’ avugwe no kw isabato izoza.


Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.


Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite