Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:6
37 Referans Kwoze  

nuk’ uwokwumva ijwi ry’inzamba wese, agakina ku mbūri, inkota ikaza, ikamugahura, amaraso yiwe azoba ku mutwe wiwe ubgiwe.


Dawidi aramubarira, at’ Amaraso yawe abe ari wewe aja ku mutwe, kukw akanwa kawe ari ko kakubereye icagirizi, nk’uko wivugiye ko wishe uwo Uhoraho yimikishije amavuta.


akagurānira kuzohabga ay’ inyungu, akāka ibirenzeko: ben’ uyo mbega yobaho? Eka ntiyobaho: ko yoba yarakoze ivyo bizira vyose, ntiyobura gupfa; kand’ amaraso yiwe azoba kuri we.


Maze nkunkumura umutamana wanje, nt’ Umuntu wese atazoshitsa iri jambo, Imana iz’ imukunkumure mu nzu yiwe no mu vyiwe; az’ abe ari kw akunkumurwa, asigare agaragara. Nukw ikoraniro ryose riremera, riti Amen; baraheza bahimbaza Uhoraho. Nukw abantu bagumya iryo sezerano.


Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.


Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza;


Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.


Abantu bose baramwishura, bat’ Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.


Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge.


no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivy’ ukuri,


Cank’ Imana n’iy’ Abayuda bonyene? Mbega s’iy’ abanyamahanga na bo? Ego me, n’iy’ abanyamahanga na bo:


Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


Abo bagendanyi baragenda baja mu nzira bakoranya abo babonye bose, ababi n’abeza; mu bukwe huzura ababutorewe.


Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu.


N’ibindi vyinshi babimuvuga bamutuka.


Ni co gitumye mbabgira yuk’ ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.


Ndababgira yuko benshi bazoza, bavuye i burasirazuba n’i burengerazuba, bazokwicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bgami bgo mw ijuru;


Umuntu wese azovuma se canke nyina ntaz’ abure kwicwa: kw azoba avumye se canke nyina, amaraso yiwe ni we azokora.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Uko ni kw amaraso yabo azosubira ku mutwe wa Yowabu no ku mitwe y’uruvyaro rwiwe ibihe vyose; ariko kuri Dawidi n’uruvyaro rwiwe n’inzu yiwe n’ingoma yiwe hazoba amahoro ava k’Uhoraho ibihe vyose.


Arikw iyo nderetsi ni yabona inkota ije, ntivuze inzamba, abantu ngo babūrirwe, inkota ikaza ikagira uwo igahura muri bo; uwo azoba agahuriwe mu bigabitanyo vyiwe, arikw amaraso yiwe nzoyarondera kur’ iyo nderetsi.


Baramwishura, bat’ Abo babi azobica rubi, uruzabibu arusigarane abandi barimyi, bazohora bamuha inzabibu igihe cazo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite