Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi kuko bāri bahūje ubuhinga, abana na bo, barabungirana, kuk’ ubuhinga bgabo bgar’ ubgo kujisha amahema.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kubera ko bari basangiye umwuga wo kujisha amahema, yaciye abana na bo, barakorana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:3
13 Referans Kwoze  

Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra.


dukoresha amaboko yacu tugatama: iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana,


kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.


Ayandi mashengero yabarushije iki, atar’ uko jewe ubganje ntābabereye ikirusha? Mumparire ico caha!


Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, mbabgiye ubutumwa bgiza bg’Imana ku busa?


Kandi n’Umwami wacu ni ko yageze kw abavuga ubutumwa bgiza batungwa n’ubutumwa.


Ariko jewe ubganje nta co narwaniye mur’ ivyo: kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n’uko nopfuma mpfa, hak’ umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje.


Non’ ingero yanje n’inki? N’uk’ ubutumwa, uko mbuvuze, mbuvuga ku buntu, kugira ngo sindwanire ivyo nemerewe mu butumwa.


Kandi mushishikare kwiyorosha, no gukora ivyanyu, no gukoresha amaboko yanyu, nk’uko twababariye,


None rero turakwinginze, uturekure tuje kuri Yorodani, umuntu wese yicire igiti, twiyubakireyo aho kuba. Arabishura, ati Nuko ni mugende.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite