Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Agomvye kujabuka ngw aje muri Akaya, bene Data baramuremesha, bandikira abigishwa ngo bamwākīre. Na we ashitseyo, ubuntu bg’Imana bumutera gufasha cane abizeye:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Apolo yipfuje kuja muri Akaya, bene Data bamutera intege, batako bandikira ikete abigishwa baho kugira baze bamwakire. Ashitseyo agirira ikimazi kinini abari barizeye ku bw’ubuntu bw’Imana,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:27
26 Referans Kwoze  

Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


kuko mwahambanywe na we mw ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubgo kwizera ubushobozi bg’Imana yamuzuye mu bapfuye.


Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;


Kandi ko nizigiye ivyo, ndazi neza yuko nzogumaho, nkabana namwe mwese, kugira ngo muje imbere, munezererwe ukwizera;


S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ ukwizera ari kwo muhagazemwo.


Kand’ aho nzoshikira, abo muzoshima, nzobatuma mbahaye ivyete, kugira ngo bajane ivy’ ubuntu bganyu i Yerusalemu.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera:


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Paulo amaray’ iyindi misi myinshi hanyuma y’ivyo, maz’ asezera bene Data, avudukayo ari mu bgato ngw aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwikemuriza i Kenkireya: kuko yari mw isezerano.


Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.


Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.


Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Mugabo Sila bimubera vyiza kugumayo.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite