Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Amazey’ imisi avayo, aca mu gihugu c’i Galatiya n’i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:23
22 Referans Kwoze  

baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.


Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.


Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.


Kandi turabahanūra, bene Data, muhubūre abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose.


kand’ ivyābagerageza kubg’ umubiri wanje ntimwabitītūye, ntimwāciriye inyeri, ariko mwānyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu.


Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk’uko nageze amashengero y’i Galatiya, abe ari ko namwe mukora.


Nuko mwiruranishe ayo majambo.


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


mfatanije na bene Data turi kumwe bose kubandikira, abo mu mashengero y’i Galatiya.


Bavuye mw ibohero, baja kwa Ludiya, barinjira; bamaze kubona bene Data, barabahanūra, bavayo.


Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege.


ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.


Kandi nanje, mu mwaka wa mbere Dariyo w’Umumedi ari ku ngoma, nakūwe hasi no kumufasha no kumuremēsha.


Ababanyi babo bose babaha intererano z’ibintu vy’amafeza n’amazahabu n’ibindi, bo n’ibitungano n’ibintu vy’igiciro kinini, ukūyemw’ ivyo bashikanye vyose bivuye ku mitima ikunze.


Arik’ uhanūre Yosuwa, umuremēshe, umutēre gushikama, kukw ari we azorujabuka arōngōye abo bantu, akabinjiza igihugu uzoja kurāba.


Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye kw ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa,


n’i Furugiya, n’i Pamfiliya, no muri Egiputa, no mu bihugu vy’i Libuwa bihereranye n’i Kureni, n’ab’ i Roma bāgerereye ino, Abayuda, bo n’abātoye idini yabo,


Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.


Nk’uko twāvuze ubga mbere, na none nongeye kubivuga, nti Ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubgo mwemeye, arakavumwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite