Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Paulo amaray’ iyindi misi myinshi hanyuma y’ivyo, maz’ asezera bene Data, avudukayo ari mu bgato ngw aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwikemuriza i Kenkireya: kuko yari mw isezerano.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Inyuma y’ivyo, Pawulo amara igihe aba i Korinto, hanyuma asigayo bene Data, afata ubwato aja muri Siriya, aherekejwe na Pirisila na Akwilasi. Imbere yo gufata urugendo, Pawulo yabanje guca i Kenkireya aho yimweshereje umushatsi kubera isezerano yari yarasezeranye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:18
17 Referans Kwoze  

Ubajane, wihumanurane na bo, ubatērēre, ngo babone kwimosha. Maze bose bazomenya yukw ivyo bāguteranije kuri bo ata kuri kurimwo, kandi ko nawe ubgawe ugenda witonze, witondera n’ivyagezwe.


Maz’ uwo Munaziri yimoshereze umushatsi wiwe w’ubunaziri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, aheze yābīre uwo mushatsi wo ku mutwe wiwe w’ubunaziri, awushire mu muriro uriko ca kimazi c’ishimwe.


Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda: ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo, nah’ ubganje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe.


Mbashimiye Foyibe mwene Data, ni we mukozi w’ishengero ry’i Kenkireya,


Abonye Umuyuda yitwa Akwila, amamo yiwe n’i Ponto, yar’ avuye muri Italiya mur’ iyo misi, bo n’umugore wiwe Purisikila, kuko Kilawudiyo yari yageze kw Abayuda bose bava i Roma, aja aho bari.


Maze nja mu ntāra z’i Siriya n’i Kilikiya.


bandika icete, barakibarungikana, canditswe girtya, ngw Intumwa na bene Data bakuru turabatasha mwebge bene Data bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.


ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugabo cank’ umugore ni yasezerana isezerano ry’ubunaziri, ngw anyiyegurire jewe Uhoraho;


Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.


Atangura kuvugira mw isinagogi ashize amanga. Maze Purisikila na Akwila bamwumvise, bamujana i wabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana.


Aca i Siriya n’i Kilikiya, aremesha amashengero.


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


Ahejeje gusezerana na bo avayo, adūga umusozi gusenga.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Agomvye kujabuka ngw aje muri Akaya, bene Data baramuremesha, bandikira abigishwa ngo bamwākīre. Na we ashitseyo, ubuntu bg’Imana bumutera gufasha cane abizeye:


Nuko genza urtya, uko tukubgira. Dufise abagabo bane bari n’ico bāsezeranye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite