Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Abagiriki bose basūmira Sositene, umukuru w’isinagogi, bamukubitira imbere y’intebe y’imanza. Ariko Galiyo, ivyo vyose ntiyabibabara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Nabo baca basimbira kuri Sositene umukuru w’isinagogi, bamukubitira aho nyene imbere y’inzu y’ubucamanza. Ariko Galiyo ntiyavyitaho.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:17
7 Referans Kwoze  

Jewe Paulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk’ukw Imana yagomvye, na Sositene mwene Data,


ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambge: uyo ku Bayuda n’ikigwisha, ku banyamahanga n’ubupfu:


Maze bumvise ivy’ ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati Tuzoba turumva ukundi ivy’ utubarira kur’ ivyo.


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.


Haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro, amubonye amwitembagaza imbere y’ibirenge,


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite