Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 18:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Paulo arikw arahaga amatama, Galiyo abgira Abayuda, at’ Iyo haba hāri habonetse ibirego vy’icaha, cank’ igicumuro kigoye, yemwe Bayuda, hari kuboneka inyanduruko yuko mbihanganira kubumva:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko Pawulo agira afate ijambo, Galiyo abwira Abayuda ati: “Yemwe Bayuda, iyo muba mwariko mumwagiriza ikibi canke icaha gikomeye, vyari kwumvikana ko nkwiye gufata umwanya nkabumviriza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 18:14
17 Referans Kwoze  

kand’ ashobora kwihanganira inyoberwa n’abazimiye, kuko na we nyene har’ ah’ agira intege nke.


Kukw iyo hagize ūza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutābabariye, cank’ iyo mwākiriye iyindi mpwemu mutākiriye, cank’ ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza!


Icompa mukanyihanganira ku bupfu buciyemwo, kandi n’ubgo muranyihanganira.


Kukw abaganza atar’ abateye ubgoba k’ūkora iciza, shit’ ūkora ikibi. Uragomba kutagirira ubgoba ūganza? Kora neza, azogushima.


None mbuze ijambo rimenyekanisha ivyiwe ryo kwandikira umwami wanje, ni co gitumye ndamuzana imbere yanyu, kandi cane‐cane imbere yawe, mwami Agiripa, kugira ngo ni twamara kumusiguza, mbone ico kwandika.


Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.


Paulo aramwishura, ati Nd’ Umuyuda, umuntu w’i Taruso, igisagara c’i Kilikiya kitayoberanye: none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.


Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.


Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire.


Yanzika kuvuga, arabigisha,


ati Wewe wuzuye ubugunge bgose n’ububi bgose, wa mwana w’Umurwanizi we, wa mwansi w’ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z’Umwami Imana zigororotse?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite