Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kandi Yasona yabashembereje: abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko harih’ uwundi mwami, ngo ni Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Yasoni ni we yabahaye indaro, kandi bariko barenga amategeko ya Kayisari, bavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yesu.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:7
12 Referans Kwoze  

Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.


batuzanira imigenzo tuzira kwemera canke kuyikora, twebge tur’ Abaroma.


Uhereye aho Pilato arondera uburyo bg’uko yomurekura, arikw Abayuda barasemerera, bati Ni warekura uyo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuk’ uwīgira umwami wese aba agararije Kayisari.


Kukw ivy’ Imana igomba ar’ uk’ ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge batagira ico bazi:


Baca bishura umwami, bat’ Ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo wasinyeko, arikw asenga gatatu‐gatatu ku musi.


Nuko rero harih’ Abayuda bamwe wahaye gutwara mu gihugu c’i Babuloni, ni Shaduraka na Meshaki na Abedunego: abo bagabo, mugenzi, ntibaruha bakubara, ntibasaba imana zawe, kandi ntibasenze ca gishushanyo c’izahabu wahagaritse.


Maze bariko baragenda bashika mu mihana: umugore yitwa Marita aramwākīra amushikiza mu nzu yiwe.


Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu.


Bahagarika imitima y’ishengero rihakoraniye n’iy’ abaganza igisagara, bumvise ivyo,


Kandi na Rahabu maraya ni ko vyabaye: mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa kuko yahaye za ntumwa indāro, akazirangira iyindi nzira?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite