Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Bababuze baca bafata Yasoni na bamwe muri bene Data, babajana babakwega imbere y’abacamanza, basemerera bati: “Aba bagabo Pawulo na Silasi bateye imigumuko kw’isi hose, none bashitse na hano mu gisagara cacu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:6
18 Referans Kwoze  

Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.


Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.


Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli atuma kuri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli, uti Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli: igihugu nta ho cotorana itiro amagambo yiwe n’ukw angana.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu.


Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.


Uwo mwanya bene Data banyuruza Paulo ngw ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo.


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite