Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:4
31 Referans Kwoze  

Nuko benshi muri bo barizera, n’abagore b’icubahiro b’Abagirikikazi n’abagabo batari bake.


Arikw abantu bo mur’ ico gisagara bīrema ibice, bamwe baherēra ku Bayuda, abandi ku ntumwa.


Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.


Kandi si nk’uko twābiziga gusa, ariko bābanje kwitanga bīha Umwami wacu, natwe nyene baratwiha, nk’ukw Imana yagomvye.


Maze bamwe bemera ivyo avuze, abandi ntibāvyemera.


Maz’ intumwa n’abakuru, bo n’ishengero ryose, bashima gutoranya abagabo muri bo, ni Yuda ari we Barusaba, na Sila, abantu bakuru muri bene Data, no kubatumana muri Antiyokiya na Paulo na Barunaba:


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


baratabaza, bati Bagabo b’Abisirayeli, mudutabare! Nguyu wa muntu yigisha hose abantu bose, akēngereza ubu bgoko n’ivyagezwe n’aha hantu: ikigeretseko yazanye n’Abagiriki mu rusengero, yahumanije aha hantu hēra.


Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.


Ahārīrira n’abaho mw isinagogi amasabato yose, ngo yemeze Abayuda n’Abagiriki.


Arikw abagabo bamwe bīfatanya na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n’umugore yitwa Damari, n’abandi hamwe na bo.


Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho.


Uyo, Paulo agomba ko bajana, aramwābīra aramukeba, kubg’ Abayuda bo mur’ izo ntāra, kuko bose bāri bazi yuko se yar’ Umugiriki.


Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bg’Umwami Yesu.


Na Yuda na Sila, kuko na bo bār’ abavugishwa n’Imana, bahanūra bene Data mu majambo menshi, barabaremesha.


Nukw abo dutumye ni Yuda na Sila, na bo ubgabo bazobabarira mu rurimi bimwe n’ibi.


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Nuko barekuwe basubira muri bagenzi babo, babīgānira ivyo abaherezi bakuru n’abakuru bababgiye vyose.


Abizeye bose bāba hamwe, basangira ivyabo vyose:


Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?


Umukunzi wawe yaroye hehe, Yewe urusha abandi bagore akaranga? Umukunzi wawe yakebereje hehe, Ngo tumurondere dufatanije nawe?


Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, Arik’ ūcudika n’ibipfu azokomereka.


Muve mu bupfu, mubone kubaho; Mugendere mu nzira yo kumenya ubgenge.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.


Uwo mwanya bene Data banyuruza Paulo ngw ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite