Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Arikw abagabo bamwe bīfatanya na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n’umugore yitwa Damari, n’abandi hamwe na bo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ariko bamwe mu bari aho baca bacika abigishwa ba Pawulo, barizera. Muri abo harimwo Diyonisiyo, umwe mu bagize inama Areyopago, umugore yitwa Damari, hamwe n’abandi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:34
11 Referans Kwoze  

Baramufata bamujana ahitwa Areyopago, baramubaza, bati Mbeg’ ubona twoshobora kumenya ukwo kwigisha gusha uvuga ukw ari kwo?


Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa, bashimagiza ijambo ry’Imana; abāri baragerewe ubugingo budashira bose barizera.


Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.


Paulo ahagarara hagati muri Areyopago, aravuga, ati Bagabo bo muri Atenayi, mbonye muri vyose ko mukabije kwubaha imana zanyu.


Uko ni kw ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, kand’ ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.


Nuko Paulo ava muri bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite