Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’ uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye: kand’ ati Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:3
16 Referans Kwoze  

kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.


Ariko Sauli arushiriza kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo.


Baravugana, bati Mbeg’ imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!


Arikw ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abāvugishwa na yo bose bitaribgabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije irtyo.


Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu,


Yemwe Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze, kand’ ari mwebge mweretswe Yesu Kristo abambge, mu maso yanyu?


Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.


Kuko bataribgamenye ivyanditswe yukw akwiye kuzozuka mu bapfuye.


Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.


Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite