Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Mu ruvyaro rw’umuntu umwe yakuyemwo amoko yose iyakwiza kw’isi yose. Ni yo yabashiriyeho igihe bazobaho, ibashingira n’imbibe z’aho bazoba.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:26
20 Referans Kwoze  

Uwo muntu yita umugore wiwe Eva, kukw ari we nyina w’abari n’ubugingo bose.


Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza?


Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima.


Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’ umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru.


Ibihe vyanje biri mu kuboko kwawe, Unkize ukuboko kw’abansi banje n’abampama.


Imisi yiwe ko yashinzwe, igitigiri c’amezi yiwe kikaba gifiswe nawe, Ukaba waramushingiye akarimbi adashobora kurēngāna;


Igwiza amahanga, kand’ ikayarandura; Ishwiragiza amahanga, kand’ ikayagarukana.


Abo, ukw ari batatu, ni bo Nowa yavyāye: ni bo bākomōtsweko n’ abakwiye isi yose.


Kandi bamwe mur’ abo banyabgenge bazokwicwa, kuzoba ar’ ukubavugutira no kubakūramw’ inkamba no kubeza, gushitsa ku gihe c’iherezo, kukw iryo herezo rikirindiriye igihe cashinzwe.


Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe.


Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.


Ni k’Uhoraho agize, akora ivyo vyose, yabimenye uhereye ku kuremwa kw’isi.


Ni wewe washizeh’ imbibe zose z’isi, Waremye ici n’agatasi.


mut’ Uhoraho agize ngo Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi n’ukuboko kwanje kurāmvuye; kand’ ivyo mbigabira uwo ngomba.


Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.


Yabipfindiye ubupfindo, kand’ ukuboko kwiwe ni kwo kwahabigaburiye n’umugozi; bizohegukira gushitsa ibihe vyose, bihabe ukw ibihe bihaye ibindi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite