Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kukw aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n’igicaniro canditsweko, ngw IC’ IMANA ITAZWI. Nukw iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Kuko igihe nariko ndagendagenda ndaba ivyo mukoresha mu gusenga, nabonye n’igicaniro canditsweko ngo: ic’imana itazwi. None rero iyo musenga mutazi niyo ngira ndababwire.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:23
19 Referans Kwoze  

Mwebge musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kukw agakiza gaturuka mu Bayuda.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana,


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


kw ico gihe mwari mutandukanye na Kristo, muri n’itandukaniro n’ihanga rya Isirayeli, mur’ injabuka ku masezerano y’ivyasezeranywe, ata co mwizigiye ku bizoba, mwari mw isi mutagira Imana Rurema.


Naho har’ ivyitwa imana mw ijuru canke mw isi, nk’uko har’ imana nyinshi n’abami benshi,


Yesu arabishura, ati Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ar’ ic’ ubusa: ūmpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n’Imana yanyu,


Bansengera ubusa, Kukw inyigisho bigisha ar’ ivyagezwe n’abantu.


Nta rindi hanga yagiriye artyo: Mbere n’imanza ziwe ntibāzimenye. Haleluya!


Ivyo urabikora, nanje ngahora, Ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose: Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana.


Kubga Yakobo umusavyi wanje, Isirayeli uwo natoranije, nguhamagaye mw izina, nakwise iry’ icubahiro, nah’ utaribgammenye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite