Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Maze bamwe mu banyabgenge bitwa Abepikureyo, n’abandi bitwa Abasitoyiko bahūra na we. Bamwe muri bo barabazanya, bati Mbeg’ uyu adedemba agomba kuvuga ibiki? Abandi bat’ Umenga n’ūzanye imana z’ivyaduka: kuko yavuga ubutumwa bgiza bga Yesu n’ubg’ ukuzuka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:18
16 Referans Kwoze  

Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.


bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu.


Maz’ asohotse, abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kumusugereza no kumwiyandagazako ngo bamuvugishe vyinshi,


Twebge tur’ ibipfu kubga Kristo; mweho mur’ abanyabgenge muri Kristo: tur’ abanyantege nke, mur’ abanyabushobozi: mur’ abanyacubahiro, tur’ inkēngērwa.


Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.


Biyise abanyabgenge bacika ibipfu,


yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.


Bariko barashikīra abigishwa, babona ishengero ryinshi ribajiguje, n’abanyabgenge b’ivyanditswe bahārīra na bo.


Ni wabona umuntu yirata kw afise ubgenge Umenye kw igipfu copfanirwa ikizigizigi kuruta uyo.


Ntugire ico uvuga ikijuju cumva, Kukw azokēngēra ubgenge bgo mu majambo yawe.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite