Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:17
17 Referans Kwoze  

Paulo ava hasi, arabamama, arababarira, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana, ni mwumve.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Nukw ivyo mwavugiye mu mwiza vyose bizokwumvikanira mu muco, n’ico mwongoreraniye mu mazu haruguru kizovugirwa ku mazu hejuru.


Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Hahirwa umuntu anyumviriza, Akāma arerekeye ku myugariro yanje uko bukeye, Agategera ku bishimaryango vyanje.


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana,


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane.


Ni co gituma nuzuye ubushangashirwe bg’Uhoraho: bingoye kubuzina; burekurire ku bana bari mu nzira, no ku misore ah’iganamye: kuk’ umugabo azonyaganwa n’umugore wiwe, n’umutāma azonyaganwa n’ūgeze mu zabukuru.


Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite