Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 17:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko benshi muri bo barizera, n’abagore b’icubahiro b’Abagirikikazi n’abagabo batari bake.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko benshi mu Bayuda barizera, co kimwe n’abagore n’abagabo b’abanyacubahiro b’Abagiriki.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 17:12
13 Referans Kwoze  

Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Arikw Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, n’abakuru bo mur’ ico gisagara, bavyurira akadenderezo Paulo na Barunaba, babirukana mu ntāra yabo.


Muzirikane ihamagarwa ryanyu, bene Data, yukw ab’ ubgenge bg’abantu bāhamagawe atari benshi, abakomeye bāhamagawe atari benshi, abapfasoni bāhamagawe atari benshi.


Maze bari muri Ikoniyo bompi binjira mw isinagogi y’Abayuda, bavuga amajambo atuma Abayuda n’Abagiriki benshi cane bizera.


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


umutunzi na we, ni yirate kw acishijwe bugufi, kukw azoyoka nk’amashurwe y’ivyatsi.


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Ni hāba har’ ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.


haza Yosefu w’i Arimataya, umunyekombe w’icubahiro, kandi na we yar’ areretse ubgami bg’Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.


bahimbaza Imana, kandi na bo bāshimwa n’abantu bose. Umwami Imana akabongera imisi yose abama barakizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite