Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mw’ijoro, Pawulo arerekwa abona umuntu w’i Makedoniya ahagaze amubwira ati: “Turakwinginze uze i Makedoniya udutabare.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:9
32 Referans Kwoze  

Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.


Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.


kandi ni ko nyene mugiriranira na bene Data bose b’i Makedoniya hose. Ariko bene Data turabahanūra ngo murushirize kugira rwinshi.


Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mpabga igisata mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero.


kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.


Kuko nzi umutima ukunze wanyu, ni wo nirata mu Banyamakedoniya yuko muwufise, mvuga yukw Abanyakaya bāri basanzwe biteguye, uhereye mu mwaka ushize, kandi gushishikara kwanyu kwateye abenshi umwete.


Bene Data, turabamenyesha ubuntu bg’Imana amashengero y’i Makedoniya yagiriwe.


Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba.


Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.


Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana,


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra.


Amaze kurota izo nzozi, duca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yukw Imana iduhamagariye kubabgira ubutumwa bgiza.


tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.


Atuma abāgenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito, ngo baje i Makedoniya; ariko we, atebera muri Asiya imisi.


Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


Kandi ntibiri hakurya y’ikiyaga, ngo muvuge, muti Ni nde yotujabukira ikiyaga, ngw abituzanire, ngo tuvyumvire, tuvyitondere?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite