Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 16:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Bashitse ahabangikanye n’i Musiya, bagerageza kuja i Bituniya, Mpwemu wa Yesu ntiyabakundira:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 16:7
8 Referans Kwoze  

kuko nzi yukw ivyo bizomviramw’ agakiza, munsengeye kandi ndonkejwe Mpwemu wa Yesu Kristo;


Ariko mweho ntimuganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe.


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data.


Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw ijuru.


baca i Musiya baramanuka, bashika i Tirowa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite